Kudondora umugambi

« Ibiganiro vyo kwibukanya »

Mu gihe hazohimbazwa imyaka 50 Uburundi bumaze bwikukiye ku wa mbere Mukakaro umwaka w’2012, umugambi « Ibiganiro vyo kwibukanya » warateguye urukwirikirane rw’ibiganiro bizonacishwa ku maradiyo, bishimikiye kuri kahise k’ Uburundi. Kuzoba ari ukwihweza ido n’ido ivyaranze ico gihe. N’aho caranzwe n’amakuba menshi, hariho ibimenyetso vyiza vyibonekeza vyonabera icigwa kazoza. Birerakana neza ingene Uburundi bwari bumeze imbere y’ikinjana ca 21 bikaba ari vyo bizoshimikirwako muri kimwe kimwe mu biganiro bitanu.

Muri kano karere, ibihe vyo kwikukira ahanini vyatumye umuzo w’intwaro z’igike nye, zituma muri ivyo bihugu bitagaragara ko inzego zigoyagoya. Ivyo rero vyatumye haronderwa umuzo w’intwaro rusangi, bituma haduka indyane zikomeye mu myaka y’ 1990 zifatiye ku bwicanyi bwanatandukiriye n’ibihugu duhana imbibe. Kubera ivyo bihe Uburundi bwaciyemwo, buhoro buhoro bwaratoye inzira zo kuva mu kaga, buranashiraho poritike imigwi yose ihuriramwo. Iyo na yo ikaba yavuye mu biganiro bitari vyoroshe mugabo ngirakamaro, bitegerezwa kubandanywa kandi bikunganirwa kubera ko hari ivyo bababaye barabangirako n’ utundi tunenge twa giye turibonekeza.

Ni muri iyo ntumbero aberwa n’ico kibazo bose bazotumirwa mu biganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku bibazo nyamukuru, bikazocishwa mu runani rw’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru. Abatunganije ibiganiro bafadikanije n’umugwi w’abamenyeshamakuru b ‘Abarundi n’abanyamahanga, bazoremesha ibiganiro mu Kirundi no mu Gifaransa, bikazoba bigenewe abantu benshi. Bazokwibanga kwishura ku bibazo nyamukuru bibakiye mu buzima bwa minsi yose.