bazokwihweza

Abahinga bazokwihweza ibintu 5 nyamukuru vyaranze kahise k’ Uburundi

Vyarabonetse ko bikwiye kugaruka kuri kahise k’ Uburundi mu gutumira abahinga bitumwako banaterereye mu kukandikako. Abazoremesha ibiganiro bizocishwa no mu maradiyo, ntibazoba baje kuvuga ivyo baranguye, nyabuna kazoba n’akaryo ko gushikiriza ivyo babona vyotuma Uburundi butera imbere.

Hari umugwi w’abahinga badasanzwe uzoshingwa. Uzoba ugizwe n’abantu batandu kanye mu vyiyumviro bafise n’ishaka ryo kuganira.

Ku ciyumviro cose kizoba cumvikanyweko n’abateguye ibiganiro, abahinga babiri ni bo bazotumirwa kuremesha ikiganiro, bakagira n’ico babivugako.
Inyuma y’ ikiganiro c’intangamarara c’abo batumire babiri, umugwi w’abamenyeshamakuru uzoremesha kw’isaha ya nyuma ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku batumiwe.