bifashijwe

Ibiganiro/ bizosamirana bifashijwe n’ibimenyeshamakuru

Ikiganiro cose/ kizonasamirana, kizoha ijambo abahinga babiri, kikazoba ari co bazoshimikirako mu gikorwa c’intangamarara, cumvikanyweko n’abatumire, ababitunganije hamwe n’abamenyeshamakuru.

Ico urukwirikirane rw’ibiganiro ruzoshira imbere, ni kugira ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi ntibibe umuhora wo gushikiriza ibiriko birakorwa, nyabuna bigire uruhara muri ico kiringo co guharira. Umuryango w’ urwego rwo kumenyesha amakuru mu Burundi waratumiwe ata we bimiriye.

Ikiganiro cose kizoremeshwa n’abamenyeshamakuru batatu : babiri baserukira ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi bazoba bashikirijwe n’amaradiyo canke ibimenyeshamakuru dukorana, hamwe n’umumenyeshamakuru mvamahanga ( w’iradiyo y’ Abafaransa, ijwi rya Amerika, iradiyo BBC, iradiyo OKAPI na Notre Afrik.)

Ibiganiro bica ku maradiyo bizotunganirizwa mu kigo c’abamenyeshamakuru, mu nyubakwa y’ishirahamwe ry’ amaradiyo mu Burundi (ABR). Bizosamirana mu runani rw’ amaradiyo atandatu dukorana, bikazoca mu nyuma ku mboneshakure zo mu gihugu, bikazokwandikwa n’ibimenyeshamakuru Renouveau na Iwacu.