les initiateurs RN

Umugambi uriko urakwiragizwa

Uwiyumviriye umugambi : André Guichaoua, Professeur, directeur de l’institut d’étude et du développement économique et social (IEDES) et de l’UMR 201 « Iterambere n’imibano », Université Paris 1 Panthéon-Sorbonne.

Uwubitunganya : Ntakarutimana Manweri, wo mu muryango w’ abafurera b’ Abadominiko

Itunganywa : Sylvie Capitant, Maître de conférences, Institut d’étude du développement économique et social (IEDES)-UMR 201, Université Paris 1-Panthéon-Sorbonne.

Umugambi uriko urakwiragizwa n’ abahinga bo mu makaminuza y’i Burundi n’i Buraya ni na bo bazowutunganya. Vyari ngombwa ko ibiganiro biremeshwa n’incabwenge, kugira ukuri kuje ahabona ata gutinya, maze umwe wese agashikiriza iciyumviro ciwe mu bwigenge.

Umugambi wateguwe wongera ufatwa mu mugongo n’ubuyobozi bw’iterambere n’ugufashanya (DDC) hamwe n’igisata c’umutekano wa kiremwa muntu DFAE. Ibikorwa vy’ubwo buyobozi birangurirwa mu Burundi biciye mu migambi myinshi. Burafata kandi mu mugongo ibiganiro bica ku maradiyo ku bijanye n’ubutungane bw’inyuma y’intambara, biremeshwa n’ishirahamwe « La Benevolencija » mu biyaga binini.